Le Sahara vert
Le Sahara vert © D. Esalé
Le talisman brisé: le podcast en français-kirundi

Écoutez le conte : Umŭsi Sahará izôtôtahara

Publié le :

Umviriza umuyaga ni Sahará iríko irarira, irīndiriye umūntu w’íntŭngāne kăndi amezé nêzá azôtúma itôtahara.

Umviriza umuyaga, ni Sahará iríko irarira. Igōmba gusúbira itŏto.

Sahará ntíyămye arí ubugáragwá: cări igihugú cīzá gitōtáhaye.

Abāntu bâho bărasónera cāne ibidúkīkije kăndi bări bámerewe nêzá.

Bărajá guhîga, bakôrōra ibitŭngwa, kăndi băraríma.

Bărakûnda igihugú câbo nacó kikabákūnda.

Ivyâgo vyătse indâro ahó hāzíye abāntu bahahámiye amarōnko.

Abo bāntu ntíbărōndera umunêzēro, cāne câne bărōndera itûnga.

Ntā căbabūmba, băshāka na ntâryó umurēngera

Mu ruhĭgi bărīca ibikôkó atári kugíra ngo babiryé, aríko kwări ukwĕrekana kό babāngútse.

Bărasásika amashāmba bátarōndéra kwîkīnga imvurá cânké izûba, aríko kugíra bīyúbakire ibirĭmba.

Ivyăkorwa n’ăbo bāntu bahahámiye amarōnko vyărashávuje cāne Sahará.

Yacîye ishîma kwĭbēra ubugáragwá

Yamará abāntu băragúmyehó kukó băyikūnda.

Sahará yarábikêngurutse. Mu kubashīmira kuri ûrwo rukûndo, yacîye ibahá uducé twó kurimamwó tumerá, n’ínkēngēra z’ûrûzi Niger.

Kuva ubwo irījiriwe.

Umviriza umuyaga,  ni Sahará iríko irarira. Igōmba gusúbira itŏto.

Umŭsi umwé yarînāmūye ibaza umuhûmuré ingéne yōsubíra kumera nêzá nkā mbere.

Uwo muhûmuré ati:”Niwāmáne n’ábāntu b’íntŭngāne kăndi bamezé nêzá, basonéra ibidúkīkije.”

Arōngera ati:”Umŭsi umwé hazōza umūntu. Icó ashāká ní ugusúbiza ubuzima ivyătsi n’íbití vyăhora bímera aha kĕra.

Ni intŭngāne kăndi ameze nêzá. Mu buzima bwîwé yītahó cāne ibitĕrwa.

Aríko kugíra ngo Sahará isubírane yâ shusho y’ίparadizo  yahόrana, izōtegerezwa gutsînda bâ bāntu bahahámiye amarōnko.

Bizōgōrana cāne, icîzá ni ûkó hazôbóneka umusuku w’úmwĭzigirwa azômufásha kurêngera intâmbamyi nó gutsînda abânsi.

Uwo mūntu arafíse imbúto zizôtúma utôtahara.”

Umviriza umuyaga ni Sahará iríko irarira, irīndiriye umūntu w’íntŭngāne kăndi amezé nêzá azôtúma itôtahara.

Ukó usonéra ibidúkīkije, ukó ubikŭnda, ni kó ubugáragwá buzôtôtahara níngoga.

Suivez toute l'actualité internationale en téléchargeant l'application RFI

Voir les autres épisodes
  • À l'université
  • Le dossier "Sahara vert"
  • Le Sahara vert
  • Au téléphone
    06:37
  • Dans le canoé
    06:38